Uko wahagera

Isirayeli Izubaka Amazu 2,500 mu ntara ya Cisjordaniya


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu yemeje kur’uyu wa kabiri itegeko ritanga uburenganzira bwo kwubaka amazu ibihumbi 2,500 mashasha mu ntara ya Cisjordaniya.

Ni mugice cashizwemwo Abayahudi kandi ninaho basanzwe baba. Abanyepalestina bamye bavuga ko Cisjordaniya ar’intara yabo kandi bamye barwanya ko hashirwa Abayahudi.

Reta ya Isirayeli yatangaje ko ifashe ico cemezo co kwongereza amazu kuko yasanze har’ubukene bw’uburaro mur’ako gace ka Beit El kari hafi y’igisagara ca Ramallah.

Abanyepalestina bagirije Isirayeli guca kubiri n’ivyo amakungu yayibujije.

Umuvugizi wa Perezida Mahmoud Abbas wa Palestina, Nabil Abu Rdeneh, yasavye ibindi bihugu gufasha abanyepalestina mu gufatira ingingo zikomeye Isirayeli kur’iyo nyifato.

XS
SM
MD
LG