Uko wahagera

Burundi: Colonel Baratuza Arahakana Igitero i Muyinga


Umuvugizi w'igisirikare c'Uburundi, Colonel Gaspard Baratuza
Umuvugizi w'igisirikare c'Uburundi, Colonel Gaspard Baratuza

Abantu bitwaje inkoho bararashe abasirikare bo mw'ikambi ya Mukoni muri komine n'intara ya Muyinga mu buraruko bw'u Burundi. Umuvugizi w'igisirikare c'u Burundi Colonel Gaspard Baratuza asigura ko ico gitero kitari kigamije ikambi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru Colonel Baratuza yemeje ko mur'ico gitero harashe umuntu umwe gusa mu kiringo c'amasaha ashika abiri n'igice abasirikare bamwihoreye.

Abantu bagirizwa kuba muri uwo mugwi 5 bafashwe hongera hafatwa inkoho zine n'amagrenade abiri.

Kurikira Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w'igisirikare c'u Burundi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:11 0:00

XS
SM
MD
LG