Uko wahagera

USA: Donald Trump Yabonanye n’Abakora Imodoka


Perezida wa Amerika, Donald Trump
Perezida wa Amerika, Donald Trump

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yabonanye uno musi ku wa kabiri n’abayobozi bakuru b’amasosiyete atatu akomeye cane yo muri Amerika akora imodoka. Yabasavye kwongereza ibikorwa vyabo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ah’ugukorera mu mahanga.

Donald Trump avuga ko ashaka kw’amahinguriro mashasha akora imodoka yubakwa muri Amerika.

Yabonanye n’abayobozi bakuru b’amasosiyete, General Motors, Ford na Fiat Chrysler.

Mu ndwi z’imbere yuko arahira mu mabanga y’ukuba perezida wa Amerika, Donald Trump, yaranebaguye amasosiyete yo muri Amerika akora imodoka kuba yongereje ibikorwa vyayo mu gihugu ca Mexique. Yamara yarayahayagije igihe yatangaza imigambi yayo y’ukwongereza ubuzi muri Amerika.

Trump yaragabishije gusaba inama nshingamateka kwemeza amatagisi agera ku bice 35 kw’ijana ku masosiyete azokwumurira ibikorwa vyayo hanze y’igihugu hanyuna akagaruka kugurisha ibidandazwa vyayo ku Banyamerika.

XS
SM
MD
LG