Uko wahagera

Abapolisi 7 Bahitanywe na Bombe muri Somaliya


Abapolisi indwi bishwe uno musi ku wa kabiri mu gitero ca bombe mu gisagara gitoyi ca Afgoye, hafi y’umurwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho.

Iyo bombe yaturikiye mw’ikambi ikoreshwa n’igipolisi ca Somaliya mu bumanuko bw’igisagara ca Afgoye, ku bilometero mirongo itatu mu burengero bw’umurwa mukuru, Mogadicio.

Umukuru w’igisagara ca Afgoye, Abdinasir Alim Ibrahim, yabwiye Ijwi rya Amerika kw’iyo bombe yari yanyegejwe n’abarwanyi b’umurwi al-Shabab bagize igitero kuri iyo kambi ku musi wa mbere.

Amenyesha kw’inteko za Reta ya Somaliya zariko zitegurira gutera umurwi al-Shabab igihe iyo bombe yaturika. Avuga kw’abantu bane bapfuye bono nyene, abandi batatu basandabira mu bitaro.

Bubaye ubugira gatatu muri uku kwezi abarwanyi b’umurwi Al-Shabab bagira ibitero mu gisagara ca Afgoye.

XS
SM
MD
LG