Uko wahagera

PAM Yagabanije Imfashanyo y’Ibifungurwa muri Afurika


Muri Centrafrique, abantu imiliyoni zibiri, hafi y’igice c’ababa mu gihugu barageramiwe n’inzara bivuye ku ngingo y’ishami ry’ishirahamwe ONU, ritanga ibifungurwa, PAM, y’ukugabandanya amafaranga ritanga.

Ivyo n’ukuvuga kw’iryo shirahamwe rishobora guha gusa imfashanyo abantu bagera ku bihumbi amajana atandatu bakeneye cane imfashanyo.

Mu gihe hari abantu benshi bakenye imfashanyo mu bice bitandukanye vyo kw’isi, Ishirahamwe PAM ririko rigabanya igitigiri c’imfashanyo y’ibifungurwa n’uguha imfashanyo abanyagihugu mu karere ka Afrika harimwo Somaliya, Sudani yo mu bumanuko na Uganda.

Ahitwa Bambari, muri Centrafrique, abantu bagera ku bihumbi ijana na cumi na bitanu bararonswa ibifungurwa ku kwezi, cane cane abariko barondera guhunga ingwano hagati y’imirwi yitwaje ibirwanisho.

Ishirahamwe PAM rimenyesha kw’ibintu bitifashe neza mu karere ka Bambari.

XS
SM
MD
LG