Uko wahagera

USA: Donald Trump Yatanguye Gushira mungiro ivyo Yemeye


Donald Trump Yerekana Itegeko rihagarika Amasezerano y"ubudandaji n'ibihugu bishika kw'ibahari Pasifike yar'ahejeje Gusinya
Donald Trump Yerekana Itegeko rihagarika Amasezerano y"ubudandaji n'ibihugu bishika kw'ibahari Pasifike yar'ahejeje Gusinya

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump kuri uyu wa mbere yarakuye igihugu mu masezerano y’ubudandaji y’ibihugu 12 bishika ku ibahari ya Pasifike. Ni mu gihe atanguye indwi ya mbere k’ubutegetsi.

Ari kukirimba ca White House, Trump yavuze ko akoze igikorwa ciza ku bakozi b’Amerika."

Ayo masezerano yumvikanyweko mu mwaka wa 2009, k’ubutegetsi bwa perezida Barack Obama. Ariko Congre y’Amerika ntiyigeze iyasinya. Abadepite batari bake baranse kuyashigikira abandi bayagirako amakenga.

Yarimwo kugiranira ubudandaji n’Ubuyapani, Australiya, Nouvel Zelande, Maleziya, Chili, Canada, Mexique n’ibindi bihugu bine.

Trump yarasinye kandi itegeko ribuza reta y’Amerika guha amafaranga amashirahamwe mpuzamakungu yamamaza ibikorwa vyo gukorora imbanyi no gutanga amakuru y’uwo mugirwa.

Trump kandi yarahagaritse gutanga akazi muri reta, nkuko yavyemereye abanyagihugu aciyamamaza, mu ntumbero yo kugabanya amafaranga reta ikoresha.

XS
SM
MD
LG