Uko wahagera

Kameruni: Jenerali Jacob Kodji Yaguye mw'Isanganya ry'Indege


Jenerali Jacob Kodji wo mugisirikare ca Kameruni ytavye Imana mw'isanganya ry'indege.
Jenerali Jacob Kodji wo mugisirikare ca Kameruni ytavye Imana mw'isanganya ry'indege.

Indege y’igisirikare ca Kameruni yo mu bwoko bwa kajugujugu yarakorotse hafi y’urubibe mu gice c’uburaruko ico gihugu gihana na Nijeriya, ihitana umukomanda w’ingabo z’igihugu.

Jenerali Jacob Kodji, yapfuye mw’ijoro ryo k’umusi w’Imana igihe kajugujugu yarimwo yakoroka hafi y’ahitwa Bogo, bari mu bikorwa vyo kugenzura akarere, nkuko bishikirizwa n’umutegetsi mugisirikare ca Kameruni.

Kodji niwe yatunganya ibikorwa vyo kurwanya umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram.

Abategetsi batangaza ko abandi basirikare batatu hamwe n’abandi batwara iyo ndege bapfanye nawe.

Umuhari wa Boko Haram watanguriye intambara muri Nijeria, mu nyuma utandukira mubihugu bibanyi birimwo Kameruni, Chad na Niger.

Boko Haram umaze kwica abarenga ibihumbi 25, uvana muzabo abashika imiliyoni 2.3, nkuko bishikirizwa n’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

XS
SM
MD
LG