Uko wahagera

Papa Fransisiko Arindiriye Kuraba Ibikorwa vya Prezida Trump


Umwungere w'Ishengero Katolika, Papa Fransisiko

Umwungere w’Ishengero Katolika, Papa Fransisiko amenyesha ko azorindira imbere y’uko agira icashikirije ku bijanye n’intwaro ya Prezida mushasha wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru co muri Espagne, El Pais, k’umugoroba wo kur’uyu wa gatandatu, Papa Fransisiko yatangaje ko ashima kutihuta gucir’urubanza abantu. Avuga ko azorindira kubona ivy’akora, n’uburyo avyifatamwo, imbere y’ukugira icamuvuzeko.

Bamubajije k’uburyo abona abategetsi bashasha muri Amerika no mu bihugu vya Buraya, Umwungere w’Ishengero Katolika yagabishije k’uburyo bwo kurondera umukiza mu gihe haba har’ibibazo bitandukanye, mu kwibutsa ko mu myaka y’1930, Adolf Hitler, m’Ubudagi, yatowe n’abanyagihugu, yamara mu nyuma akaba ariwe abasenya.

XS
SM
MD
LG