Uko wahagera

Umubonano wa Prezida Trump n'Abajejwe Iperereza


Prezida Donald Trump m'umubonano n'abajejwe iperereza

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje kur’uyu wa gatandatu ko ashigikiye abajejwe iperereza hano muri Amerika. Ivyo Prezida Trump yabishikiririje mu gisagara ca Langley, kiri muri Reta ya Virginie, aho yari mu mubonano n’abakora mu gisata c’iperereza bashika ku majana ane.

Mur’uwo mubonano, Prezida Trump yatangaje ko igikorwa co kugwanya Umuhari wa Reta ya Kisilamu kizoz’imbere, kandi ko Reta yiwe igiye kwingerereza inguvu mur’urwo rugamba. Abavyiweheza bavuga ko urwo rugendo ar’akaryo ko kwungura imigenderanire n’ico gisata, hamwe no guhura n’abategetsi bakuru bajejwe umutekano.

Abategetsi muvy’iperereza bamenyesha ko ibirego Prezida Trump yashikirije ku bakozi bajejwe iperereza vyabababaje. Yamara Aki Peritz, yahoze ar’umushakashatsi muvyo kugwanya iterabwoba muri CIA, avuga ko abakozi bakorera mw’iperereza ar’abantu b’incabwenge kandi, kw’ivyatangajwe bitazohindura umwitwarariko bafitiye Umukuru w’Igihugu mushasha. Prezida Trump yatangaje ko urwo rugendo arukoze mu ntumbero yo gukuraho icuka kibi, catewe, nkuko yabishikirije, n’ibimenyeshamakuru.

Prezida Trump akoze urwo rugendo mu gihe, abashingamateka bahurikiye m’umugambwe w’aba demokrate, bahakanye kwemera umutegetsi mushasha yashikirije, Mike Pompeo, ngo abe ariwe ayobora ikigo kijejwe iperereza. Kur’uyu wa mbere Inama nkenguzamateka akaba ariho izogira ico ivuze kur’uwo mutegetsi mushasha

XS
SM
MD
LG