Uko wahagera

Trump Yagenye Uwanyuma Mu Bagize Reta Ye


Sonny Perdue, yahoze ari bulamatari wa Reta ya Georgia
Sonny Perdue, yahoze ari bulamatari wa Reta ya Georgia

Perezida yavuye mu matora muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yagenye Sonny Perdue, yahoze ari bulamatari wa Reta ya Georgia, kuyobora ubushikiranganji bujejwe uburimyi.

Igenwa ryiwe ribaye irya nyuma mu bazoba bagize Reta ya Donald Trump.

Co kimwe nk’abandi bagenywe imbere yaho, azokenera kwemezwa n’inama nkenguzamateka.

Perdue, afise imyaka 70 muri iki gihe, yahoze ari umudemokarate yahinduye umugambwe haheze imyaka mirongo ibiri imbere yuko aba bulamatari wa mbere w’Umurepublika yatowe muri Reta ya Georgia mu kiringo kirenga imyaka ijana.

Igihe yari bulamatari, Reta yiwe yarageramiwe bikomeye n’inkurikizi z’uruzuba..

Yategerejwe gufata ingingo y’ukugabanya amazi abanyagihugu bo muri Reta yiwe bakoresha.

XS
SM
MD
LG