Uko wahagera

Mali: Bombe Yahitanye 33 muri Gao


Abantu bashika 33 bapfuye abandi barenga cumi barakomereka

Abategetsi ba Mali batangaza ko abantu bashika 33 bapfuye abandi barenga cumi barakomereka mu buraruko bw'igihugu kur’uyu wa gatatu.

Batangaza ko bahitanwe na bombe yar’itezwe mu modoka yaturikiye hafi y’ahari ikambi irimwo abahoze barwanya reta hamwe n’imihari y’abarwanyi bahoze bashigikiye reta.

Ababonye igihe vyaba bavuga ko iyo bombe yaturikiye mu gisagara ca Gao mu masaha ya satatu z’agatondo mu masaha yo muri Mali, mugihe abasirikare baharurwa mu majana bari mu nama.

Iyo kambi yashizweho inyuma y’aho reta ya Mali n’imihari iyishigikiye basinyiye amasezerano y’amahoro mu mwaka w’2015 inyuma y’aho abasirikare b’Abafaransa batanguriye guhiga abarwanyi b’aba Isilamiste mur’ako karere.

Raporo yasohowe n’ishirahamwe ryishinze guharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch mur’iyi ndwi ivuga ko har’ibitero vyagabwe ku basirikare ba ONU.

Ivuga kandi ko abarwanyi b’aba Isilamiste bigaruriye imihana itari mike mu buraruko bwa Mali kandi ko reta yananiwe gukingira abanyagihugu.

Abarwanyi b’aba Isilamiste bamaze kwica abanyagihugu batari bake mu mwaka uheze mu ntambara yabo yo gushaka gushinga reta ishingiye kumategeko ya isilamu.

XS
SM
MD
LG