Uko wahagera

Ubwongereza Buzobandanya Kuva Burundu mu Bulayi.


Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Theresa May
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Theresa May

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May, avuga kw’Ubwongereza buzorondera kubandanya kuva burundu mu muryango w’ibihugu vy’Ubulayi.

Mw’ijambo yashikirije ku wa kabiri, abaserukira ibihugu vyabo mu Bwongereza n’abakozi ba reta b’ico gihugu i Londres, Theresa May, yamenyesheje ko atazorondera amasezerano azotuma Ubwongereza bugumiza ikirenge mu muryango w’ibihugu vy’Ubulayi.

Madamu May avuga kw’amashami yose uko ari abiri y’inama nshingamateka y’Ubwongereza azotora ku musi wa gatanu ku masezerano ya nyuma ku bijanye n’ukuva mu muryango w’ibihugu vy’Ubulayi.

Reta ya Theresa May, yaranebaguwe n’abanyamitahe, abikorera ku giti cabo n’abashingamateka kubera ata vyinshi yashize ahabona ku migenderanire yo muri kazoza hagati y’Ubwongereza n’umuryango w’ibihugu vy’Ubulayi.

Ibiganiro icese ku vyerekeye kuva muri uwo muryango bizotangura mu mpera z’ukwezi kwa gatatu.

XS
SM
MD
LG