Uko wahagera

Kenya Yibutse Abayo Baguye muri Somaliya


Abanyakenya bariko bibutse umwaka urangiye abasirikare babo batari bake bari muri Somaliya bishwe mu gitero c’umurwi al-Shabab.

N’umusi utoroshe ku miryango yabuze abayop kurri uwo musi canke itaramenya ivyashikiye abayo irengaro ryabo ritaramenyekana.

Kw’italiki 15 z’ukwezi kwa mbere, umwaka w’i 2016, umurwi al-Sahabab, waragize igitero kw’ikambi y’igisirikare ahitwa, El Adde, mu ntara ya Gedon muri Somaliya.

Ishirahamwe al-Shabab, ryatangaje ko ryishe abasirikare b’Abanyakenya barenga ijana, naho ayandi makuru yatangaje kw’igitigiri c’abapfuye kiri hejuru yaho.

Ntaco Reta ya Kenya, yavuze ku vyabaye uwo musi n’abahasize ubuzima. Ntibwari ubwa mbere abarwanyi b’umurwi al-Shabab bagira ibitero ku makambi y’inteko z’umuryango w’ubumwe bwa Amerika muri Somaliya, AMISOM.

Mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka w’2015, abasirikare b’Abarundi mirongo itanu barishwe igihe umurwi al-Shabab wagira igitero kw’ikambi y’inteko za AMISOM ahitwa Leego, mu gice co hagati muri Somaliya. Amezi atatu inyuma yaho, inteko z’igihugu ca Uganda 19 zarishwe igihe umurwi al-Shabab, wagira igitero kw’ikambi y’inteko za AMISOM ahitwa Janaale, mu ntara ya Lower Shabelle.

XS
SM
MD
LG