Uko wahagera

Inzovu Zirabangamiwe muri Tanzaniya


Abantu barenga 550 barihereje amabarabara y’I Dar Es Salaam k’umurwa mukuru wa Tanzaniya k’umusi wa gatandatu biyamiriza urudandazwa rw’amahembe y’inzovu.

Urwo rugendo rwataziriwe “Urugendo rw’Inzovu” rwatunganijwe na ambasade y’Ubushinwa muri Tanzaniya ifadikanije n’ishirahamwe ry’abashinwa ryishinze gutez’imbere imigenderanire hagati ya Tanzaniya n’Ubushinwa.

Abagize urwo rugendo, barimwo n’uwuserukira Ubushinwa muri Tanzaniya hamwe n’abashinwa baba muri Tanzaniya, bari bafise intumbero yo gukingira inzovu.

Tanzaniya niryo huriro ry’abadandaza amahembe y’inzovu muri Afrika. Runsansuma yatunganijwe na reta ya Tanzaniya m'umwaka w’2015, yerekanye ko ico gihugu catakaje 60 kw’ijana y’inzovu mu myaka itanu gusa.

Amatohoza yakozwe yerekanye kandi ko ayo mahembe y’inzovu ashorerwa m’Ubushinwa.

Urwo rugendo rubaye mugihe m’ukwezi kwa cumi na kabiri reta y’Ubushinwa yatangaje ko igiye kwugara urudandazwa rw’amahembe y’inzovu mu mpera z’umwaka w’2017.

XS
SM
MD
LG