Uko wahagera

Abatavugarumwe na Reta y'Uburundi Mu Biganiro i Arusha


Ibiganiro bitumbereye gutorera umuti amatati hagati y’abanyepolitike b'Uburundi vyongeye gutumwako n’umuhuza Benjamin Mkapa yahoze atwara igihugu ca Tanzaniya.

Ibiganiro vyo kuri uyu wambere italiki 16 z'ukwezi kwa mbere 2017, bihuza abanyepolitike batavugarumwe na reta gusa. K’urutonde rw’abatumiwe umugambwe uri k’ubutegetsi Cndd-Fdd nturimwo.

Urutonde rwerekana abatumiwe mur’uwo mubonano ari abanyepolitike barenga 30. Uwo mubonano uri murukurikirane rw’ibindi biganiro bimaze guhuza abanyepolitike b’Uburundi bigamije gutora umuti w’amatati amaze imyaka hafi ibiri mu Burundi.

Bamwe mu banyepolitike batumiwe baragize ico bashikirije kur’ivyo biganiro bagishika i Arusha, ari naho bibera.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:52 0:00

XS
SM
MD
LG