Uko wahagera

Ibihugu vya Buraya Bisabwa Gukinga Imbeho Impunzi


Abimukira mu mahema, mu gihugu c'Ubugiriki
Abimukira mu mahema, mu gihugu c'Ubugiriki

Ibigo bikukira Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU birahamagarira abategetsi b’Ibihugu vya Buraya gufasha no gukingira impunzi n’abimukira ibihumbi n’ibihumbi bugarijwe n’imbeho mur’ikino gihe k’umugabane wa Buraya. Ayo mashirahamwe avuga ko abantu bari mu gihugu c’Ubugiriki hamwe n’amabahari ya Balkani aribo bageramiwe kurusha abandi.

Amashirahamwe ya ONU yitaho impunzi, hamwe n’abana amenyesha ko agerageza uburyo bwose afasha abo bantu, yamara ko ata buryo bukwiye afise bwo kurangura neza ico gikorwa. Ayo mashirahamwe agahamagarira ama Reta kwongerereza inguvu mu mfashanyo atanga.

Cecile Pouilly, umuvugizi wa HCR, amenyesha ko ishirahamwe HCR ryimuye abimukira amajana ribatwara ah’ari uburaro bwiza. Pouilly akavuga ko abashika ku gihumbi, harimwo n’abana, bakiri mumahema, no mu bibanza bitagira ubushuhe. Pouilly atangaza kandi ko Ishirahamwe HCR ritewe amakenga n’amakuru avuga ko abategetsi bo mu bihugu vya Balkani babandanya kwirukana impunzi n’abimukira, hirya y’ubutaka bwavyo.

Ishirahamwe UNICEF, ryitaho abana riremeza ko abana n’imiryango babaye mu buzima bugoye, mu mabahari yo m’Ubugiriki. Iryo shirahamwe risaba abategetsi b’Ubugiriki kureka izo mpunzi zikaja mu nyubakwa z’uburaro n’ibindi bigo bitagira ababibamwo muri kino gihe, na rirya ngo asanzwe ar’igihe ata ngenzi nyinshi zigendera utwo turere.

XS
SM
MD
LG