Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko Iridogera Amerika n'Ibindi Bihugu


Prezida Salva Kiir wa Sudani y'Ubumanuko, na John Kerry, Umushikiranganji wa Departema ya Amerika

Umuvigizi w’Igisirikare ca Reta ya Sudani y’Ubumanuko yatumye urutoke ibihugu vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza na Norvege ko vyakoze inama mu mpisho biri kumwe n’abarongozi b’imigwi y’abagwanyi itavuga rumwe n’ubutegetsi, irongowe na Riek Machar, i Nairobi, k’umugwa mukuru wa Kenya.

Colonel Santo Dominic Chol, avugira igisirikare ca Sudani y’Ubumanuko yagirije ivyo bihugu ukwari bitatu mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane, I juba muri Sudani y’Ubumanuko. Ubwongereza bwamiriye kure ivyo birego, mw’itangazo ryashizwe ahabona kur’uyu wa kane, n’uwubuserukira I Juba. Departema ya Amerika ikaba itaragira icivuze kur’ivyo birego.

Chol yatangaje ko mur’iyo nama hapfunditswe ko bokorera ku bibazo vy’ubutunzi vyugarije Sudani y’Ubumanuko, kugira vyerekane ingaruka kuri politike y’ico gihugu. Avuga kandi ko ivyo bihugu vyemereye amafaranga atari make abasirikare bayoboka Prezida Salva Kiir, kugira bamuv’inyuma. Colonel Chol yatangaje ko atakizohindura Prezida Kiir atari abanyagihugu

Mur’ico kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Colonel Chol avugira igisirikare ca Sudani y’Ubumanuko yemeje kandi ko inama ikurikira y’ivyo bihugu Amerika, Ubwongereza na Norvege itegekanijwe kuba kw’itariki ya mirongo ibiri na zitatu z’uku kwezi kwa mbere, i New York hano muri Amerika. Yamara ntiyatangaje aho yakuye ayo makuru.

XS
SM
MD
LG