Uko wahagera

Ubudagi Buraregwa k'Ubwicanyi Bwakoreye Abanye Namibiya


Prezida Hifikepunye Pohamba wa Namibiya

Hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Sentare yashashe m’urubanza gw’ubwicanyi bwabaye ku banyagihugu amajana bo mu bwoko bw’aba Herero naba Nama, bo muri Namibiya, ubwicanyi bwakozwe n’aba conloni b’abadagi, bugafatwa nk’ihonyabwoko rya mbere, mu kinjana ca mirongo ibiri.

Ikinjana kiraheze ubwo bwicanyi bubaye, aho abanyagihugu ibihumbi bishwe bahowe ko batumviye ba kavantara baturuka m’Ubudagi. Vekuii Rukoro, aturuka muri Namibiya, asanzwe ari nawe ariko araburanya Ubudagi, amenyesha ko ari hamwe Ubudagi butemeye ko abaturuka mur’ayo moko yiciwe ababo baseruka mu biganiro, hazoba ingaruka mbi ku bijanye n’imigenderanire. Rukoro amenyesha kandi ko we na bagenzi we bazoremera Ubudagi gushika bwagiriwe n’ivyaha vyo mu ngwano.

Gushik’ubu Ubudagi bukaba butaramenyesha aho buhagaze kubijanye no kwemera ico caha, co kimwe no kugirana ibiganiro n’imiryango y’abiciwe. Yamara Umushikiranganji w’Ubudagi ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu akaba yaratangaje, mu myaka ibiri iheze ko ico kibazo hageze ko kija mu minwe y’ama Reta y’ivyo bihugu ukwari bibiri.

Ni mu gihe ico kibazo kitakigwa kumwe n’abanyagihugu b’aho m’Ubudadagi. Mu gihe bamwe bumva ko boruhuka ico kibazo kivuye mu nzira, abandi bamenyesha ko igihugu cabo atarico cokwama kiriko kirariha indishi z’ivyaha.

XS
SM
MD
LG