Uko wahagera

Arusha: Ibiganiro vy'Abarundi Bizosobukurwa


Ubutumire bwamaze gutangwa n’ibiro vy’umuhuza mumatati y’Abarundi Benjamin Mkapa yahoze atwara Tanzaniya. Buvuga ko ikiringo ca gatatu c’ibiganiro bihuza kizosubira kuba ku ndwi itangura italike 16 Ukwezi kwa mbere umwaka w’2017.

Abantu bizewe, batandukanye, kandi bakurikirira hafi ibibera mu biro by’umuhuza bavuga ko ubwo butumire bwanditswe kera, ariko italike iba ariyo igorana kumvikanako. Abo bakurikiranira hafi ikibazo c’ibiganiro vy’Abarundi babwiye Ijwi ry’Amerika ko ibintu vyunyuye n’urugendo Mkapa aherutse kugira mu Burundi aho amajambo yashikirije atanezereye abatavugarumwe na reta cane cane abari mu runani CNARED.

Ubwo butumire Ijwi ry’Amerika ryaronse kopi yabwo. Buvuga ko atari ibiganiro nyezina ahubwo ari akaryo ko guhanahana ivyiyumviro ico umuhuza yise mucongereza “Briefing Session’’. Ivyo vyemejwe inyuma y’imibonano umuhuza yagiye kugirira I Bujumbura ku uruhande rwa reta hamwe nabo batavugarumwe.

Ibiro vy’umuhuza ntivyashoboye kuvuga abatumiwe bose ariko bamwe mubatavugarumwe na reta bari hanze y’Uburundi batubwiye ko bamaze gutumirwa, ndetse batwereka n’ubutumire bwabo. Gusa baduhakaniye ko batazobwitaba.

Uwahoze ari perezida wa Tanzaniya avuga kandi ko azoboneraho akaryo ko kuvuga uko abona ibintu, akarangiza ahamagarira uwahawe ubutumwa wese kubwitaba. Ariko uwabuhawe asanzwe atavugarumwe na reta y’uburundi yatubwiye ko atazobwitara.

Twashoboye kuvugana n’uwundi atavugarumwe na reta ari I Bujumbura mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri. Yatubwiye ko akirindiriye ubutumire kandiko wewe niyaburonka azobwitaba.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru, ukorera Arusha muri Tanzaniya, ni we wakurikiranye iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:03 0:00

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:03 0:00

XS
SM
MD
LG