Uko wahagera

Kameruni: Uruhagarara Hagati y'Abakoresha Igifaransa n'Icongereza


Abasirikare b'Igihugu mu gisagara ca Bamenda, muri Kameruni
Abasirikare b'Igihugu mu gisagara ca Bamenda, muri Kameruni

Mu gisagara ca Bameda, muri Kameruni, kur’uyu wa mbere nta wacaruka, amabarabara yagaragara, bivuye ko abanyagihugu bitabiye akamo ko kwiyamiriza ikoreshwa ry’ururimi gw’igifaransa mur’ako karere gasanzwe gakoresha ururimi gw’icongereza. Uruhagarara hagati y’abakoresha ururimi gw’igifaransa n’abakoresha icongereza rukaba rutera rwiyongera.

Abashikirizamanza bakorera mu turere two mu buraruko bushira uburengero, no m’ubuseruko bushira uburengero, uturere dusanzwe dukoresha icongereza bari bateye akamo ko gukora imyiyerekano kuva mu kwezi kw’icenda, basaba kwiyamiriza ururimi gw’igifaransa rutera rwiyongera. Ibice mirongo ibiri kw’ijana vy’abanyagihugu aho muri Kameruni akaba aribo bakoresha icongereza, ibwirizwa shingiro rikaba kandi ritanga uburenganzira bwo gukoresha izo ndimi uko ari zibiri.

Reta ya Kameruni yarahamagariye ibiganiro, yamara abashikirizamanza n’abigisha bakoresha icongereza bakaba batavyitabiriye. Bobga Harmony, umukuru w’abashikirizamanza bari mu myiyerekano yatangaje ko bazokwitabira ivyo biganiro ari hamwe Reta irekuye urwaruka rwapfunzwe ruhowe ko gwakoze imyiyerekano.

XS
SM
MD
LG