Uko wahagera

Siriya: Ibitero Birabandanya


Abasirikare ba Siriya, mu kibanza c'ahabereye igitero

Abantu mirongo ine nibo baguye mu gitero cabereye ku mupaka wa Siriya na Turukiya, kur’uyu wa gatandatu, n’imodoka yar’itezwemwo ibombe, nk’uko vyatangajwe n’abakozi bo mu mashirahamwe y’abagiraneza hamwe n’abaganga.

Umugwi ujejwe agateka ka zina muntu muri Siriya, ufise icicaro mu Bwongereza, watangaje ko ico gitero cabereye mw’isoko risanzwe rigenderwa n’abantu benshi, mu gisagara ca Azaz, kibamwo ahanini abagwanya Reta. Uwo mugwi umenyesha kandi ko abagwanyi batandatu, bari mu batavuga rumwe na Reta bari mu baguye mur’ico gitero.

Nta mugwi numwe uriyitirira ico gitero. Ivyabonetse nkuko agahengwe k’intambara kari katanzwe mu minsi yahera katubahirijwe. Ni mugihe hari n’ikindi gitero cari cabaye mu ntango ziyi ndwi, mu gisagara ca Jableh, gicungerewe na Reta, igitero cari cahitanye abantu cumi na bane.

Mu ndwi iheze kandi, Reta ikaba yarakoze ibitero bitari bike hafi y’umugwa mukuru wa Siriya, i Damas, ivyatumye abagwanya Reta batangaza ko batacitabiriye ibiganiro bitegekanijwe kuzotangura mu mpera z’uku kwezi kwa mbere.

XS
SM
MD
LG