Uko wahagera

France: Marine Le Pen Yipfuza Guzokorana na Afrika


Marine Le Pen, umunyepolitike mu gihugu c'Ubufaransa

Marine Le Pen, umukandida mu matora y’Umukuru w’Igihugu mu Bufaransa yatangaje ko azoshir’imbere migenderanire n’ibihugu vya Afrika bisanzwe bikoresha ururimi rw’Igifaransa, mu gihe yoba atsindiye ayo matora. Le Pen amenyesha kandi ko ashimishwa n’uburyo imigenderanire ishobora kuzokomera hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’UBurusiya, ku ntwaro ya Donald Trump.

Mu kiganiro yahaye ibimenyeshamakuru bikoresha ururimi rw’icongereza, Le Pen yagarutse ku bibazo bijanye n’aba isilamu baterekwa iyindi migwi, Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya hamwe n’ibihugu vy’abarabu. Le Pen amenyesha ko ari hamwe atowe, azotunganya imigambi yiwe yisunze ibibireye Ubufaransa. Mur’ivyo akavuga ko harimwo gukomeza urudandazwa hagati y’Ubufaransa n’Ibihugu vya Afrika bikoresha ururimi gw’igifaransa, mu ntumbero yo kugabanya igitigiri c’abimukira baturuka kur’uyo mugabane w’isi.

Marine Le Pen afise imyaka mirongo ine n'umunani. Umugambi wiwe ujanye no kugwanya abimukira ukaba wumirwa n’abatari bake aho m’Ubufaransa, bivuye ku bibazo vy’ubutunzi ico gihugu kiriko kiracamwo.

XS
SM
MD
LG