Uko wahagera

USA: Ubwicanyi ku Kibuga c'Indege muri Reta ya Florida


Abasirikare ku kibuga c'indege muri Reta ya Florida, Amerika, mu gikorwa co guhagarika ubwicanyi

Inyuma y’ubwicanyi bwabereye ku kibuga c’indege ca Fort Lauderdale, muri Reta ya Floride, iri m’ubumanuko bushira ubuseruko hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ubwicanyi bwahitanye abantu batanu, n’abandi umunani bakomeretse, k’umuhingamo wo kur’uyu wa gatanu, Rick Scott, Buramatari wa Reta ya Floride asaba abanyagihugu gusengera imiryango yabuze ababo mur’ubwo bwicanyi.

Scott yabwiye abamenyeshamakuru, inyuma y’ubwo bwicanyi ko yavuganye na Donald Trump yatowe nk’Umukuru w’Igihugu, hamwe n’icegera ciwe Mike Pence, ku bijanye n’ubwo bwicanyi. Scott avuga ko bamwemereye gukora ibishoboka vyose kugira bafashe mu bikenewe, akavuga kandi ko abo bikorana bariko bariga ku bijanye n’uburyo ubwo bwicanyi bwagenze.

Abategetsi bamenyesha ko ubwo bwicanyi bwakozwe n’umwe mubari bafashe urugendo, akaba yari yatekeye inkoho mu mizigo yiwe. Abajejwe umutekano bamenyesha ko yashizwe mu kibanza ciherereye, nta mvo z’ubwo bwicanyi batanze. Bakavuga kandi ko bataramenya neza nimba cari igitero c’abiyahuzi. Ibikorwa vyose bikaba vyabaye birahagarikwa kur’ico kibuga c’indege.

XS
SM
MD
LG