Uko wahagera

USA: Trump n'Iperereza Ntibavuga Rumwe


James Clapper urongoye inzego z'ubutasi z'Amerika imbere ya Komisiyo ya Sena ishinzwe iby'ingabo.

Perezida yavuye mu matora muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump, araza kwumviriza uno musi ku wa gatanu abayobobozi b’inzego zijejwe iperereza. Mu misi ishize, Trump yiyamirije ivyashikirijwe n’abajejwe iperereza kw’Uburusiya bwivanze mu matora y’umukuru w’igihugu muri Amerika

Mu bintu bitari bwabe imbere yaho, Donald Trump, yaranabaguye bikomeye abajejwe iperereza.

Ku musi bwa kane, abayobozi bakomeye b’inzego z’iperereza batangaje ko bafise ivyemezo bikomeye vy’uko Uburusiya bwivanze mu matora yo mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye.

Yamara batangaza ko badashobora kuvuga ku buryo bugaragara ko vyafashije Donald Trump gutsinda amatora y’umukuru w’igihugu.

Umuyobozi w’urwego rujejwe iperereza mu gihugu, James Clapper, avuga ko Uburusiya buzwi ko bwivanga mu matora mu bihugu vyo mu mahanga. Yamara ngo n’irya mbere bishika ku rugero vyibonekeje muri iki gihe.

Clapper avuga ko adashobora kumenya ku buryo bugaragara nimba iyo nyifato y’Uburusiya yaragize ingaruka ku buryo Abanyamerika batoye kw’itariki umunani z’ukwezi kw’umunani, umwaka w’i 2016.

James Clapper, muri iki gihe afise imyaka 75, amaze igihe yatangaje ko atazorondera kubandanya kuba umuyobozi b’urwego rujejwe iperereza mu gihugu inyuma yuko Donald Trump, atanguye amabanga yiwe y’ukuyobora Amerika.

XS
SM
MD
LG