Uko wahagera

Turukiya: Igitero c'Abiyahuzi Cahitanye Umupolisi wa Reta


Abapolisi ba Turukiya mu gisagara ca Izmir, ahabereye igitero
Abapolisi ba Turukiya mu gisagara ca Izmir, ahabereye igitero

Muri Turukiya abagwanyi bikekwa kuba bahurikiye m’umuhari w’aba kurde bakoze igitero bakoresheje imodoka batezemwo ikibombe, hafi y’inyubakwa y’ubutangane, mu gisagara ca Izmir, m’uburaruko bwa Turukiya. Ico gitero cahitanye umupolisi umwe, n’umwe mu bakozi bakorera mur’iyo nyubakwa.

Abajejwe intwaro batangaje ko babiri mur’abo biyahuzi baguye mur’ico gitero, igipolisi kikaba kiriko kirondera uwa gatatu. Abantu cumi nibo bakomerekeye mur’ico gitero. Abajejwe intwaro bavuga kandi ko abo bagwanyi bashobora kuba ar’abo mu mugambwe w’abakozi b’aba kurde. Reta ya Turukiya, co kimwe n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya, hamwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika bakaba bafata uyo mugambwe nk’umuhari w’iterabwoba.

Gushik’ubu nta mugwi uriyitirira ico gitero. Icaheruka kikaba cahitanye abantu bashika ku mirongo itatu n'icenda, cabereye mu bunywero aho batambira, mw’ijoro ryo kuwa mirongo itatu na rimwe rihereza umwaka. Reta ya Kisilamu ikaba yaremanze kw’ari yo yari yakoze ico gitero.

XS
SM
MD
LG