Uko wahagera

USA: Inama Nshingamateka Iriyamiriza Ingingo ya ONU kuri Isirayeli


Inama Nshingamateka ya ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika
Inama Nshingamateka ya ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Inama Nshingamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yemeje ingingo yo kwiyamiriza ivyavuye mu matora y’ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, ku bijanye n’amatati ari hagati ya Isirayeli na Palestine. Kur’uyu wa kane, abashingamateka amajana abiri na mirongo itatu na batanu nibo bemeje iyo ngingo, kw’ijana na mirongo umunani n'umunani bayihakanye.

Abashingamateka baturuka m’umugambwe w’aba demokrate, bariyamiriza iyo ngingo yemejwe, bakavuga ko ar’iyisubiza inyuma umugambi w’amahoro mur’ako karere. Mu kwezi guheze, Amerika yari yafashe ingingo yo kutagira aho ihengamiye mur’ayo matora, n’ubwo mu myaka iheze yamye ikoresha ijwi ryayo m’ukubuza ko iryo tegeko rirengana. Ivyo bikaba vyabonetse nk’itegeko ry’Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ca Amerika, vyerekanye aho bihagaze.

Mur’iki gihe, Inama Nshingamateka ikaba iriko irihweza ibijanye n’integuro y’iryo tegeko, imbere y’uko haba amatora ya kabiri, afata ingingo ya nyuma kur’iryo tegeko.

XS
SM
MD
LG