Uko wahagera

Kenya: Umurwi Ujejwe Gutunganya Amatora Ntiworohewe


Prezida Uhuru Kenyatta wa Kenya

Muri Kenya, Umugwi ujejwe gutunganya amatora umenyesha ko impari ziri hagati y’abanyepolitike n’uruhagarara rwatewe n’ubuhinga bushasha uwo mugwi ushaka gukoresha mu matora, bishobora gutuma imyiteguro y’amatora yigizwayo. Ni mugihe umugwi ujejwe kwiga ibibazo vy’ubutungane mu nama nkenguzamateka uriko uriga ku bijanye n’integuro y’itegeko inama nshingamateka yatoye mu kwezi guheze.

Iyo nteguro itegekanya gukoresha intonde z’abatora m’uguharura amajwi, no gutanga ivyegeranyo vyaharuwe n’abacungereye amatora, mu gihe ubuhinga biyometrike bwoba bugize ikibazo, mu matora ategekanijwe kuba mu kwezi kw’umunani uyu mwaka. Abagize umugwi CENI bamenyesha ko basavye gukoresha uburyo busanzwe bivuye ko ivyo vyuma vyo gutora bishobora gusimba mbamwe mu batoye.

Betty Nyabuto, icegera c’umukuru wa CENI amenyesha ko impari z’abanyepolitike zibangamira imyiteguro y’amatora. Akavuga ko ahanini umugwi CENI witeguriye amatora. Martin Andati, umuhinga muvya politike aho muri Kenya, avuga ko kunyarutsa gutora umuti vyohava bituma haba intureka inyuma y’amatora.

Umugwi CENI utegekanya gutangura kwandika abazotora kuva itariki ya cumi na zitandatu z’uku kwezi kwa mbere gushika itariki cumi na zine z’ukwa kabiri. Yamara amakenga ni menshi ku bijanye n’uko ico gikorwa kizorangurwa bivuye ko abatavuga rumwe n’ubutegetsi bashobora gukora imyiyerekano ari hamwe inama nkenguzamateka itoye iryo tegeko, mu nama izoba kur’uyu wa kane.

XS
SM
MD
LG