Uko wahagera

Gambiya: Umuyobozi wa Komisiyo y'Amatora Yahunze


Perezida watowe muri Gambiya Adama Barrow

Umutegetsi mukuru w’urwego rujejwe amatora mu gihugu ca Gambiya, Alieu Momar Njai yahunze igihugu. Ni inyuma yuko hari abagabishije kumugirira inabi kubera yatangaje ko Perezida Yahya Jammeh yatsinzwe mu matora yo mu kwezi guheze.

Ku bw’incuti ziwe, yahungiye mu gihugu ca Senegal inyuma yuko aronse amakuru ko abategetsi ba Gambiya bariko bategura kumukorera inabi.

Muri ico gihe, itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, rimenyesha kw’umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Gambiya, Jenerali Ousman Badjie, uno musi ku wa gatatu, yasubiye kwemeza ko ashigikiye Perezida Jammeh.

Yahya Jammeh yayoboye Gambiya mu kiringo c’imyaka 22. Mu ntango yari yemeye ivyavuye mu matora. Yamara umugambwe wiwe waritwariye urwego rw’igihugu rujejwe amatora, mu kuvuga ko hari ibitagenze neza.

Bitegekanijweko sentare nkuru muri Gambiya ifata ingingo kw’italiki cumi z’ukwezi kwa mbere.

Naho Yahya Jammeh yanse kwemera ivyavuye mu matora, Adama Barrow, umukandida atavuga rumwe na reta urwego rw’igihugu rujejwe amatora rwatangaje ko ariwe yatsinze. Na we yamenyesheje ko azobandanya gutegura ukurahira kwiwe kw’italiki 19 z’ukwezi kwa mbere.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’abandi bategetsi b’ibihugu bitari bike vyo muri Afrika basavye Yahya Jammeh gutanga imihoho biciye mu mahoro.

XS
SM
MD
LG