Uko wahagera

ONU: Abantu Barenga 6500 Bishwe muri Iraki muri 2016


Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ryatangaje ku musi wa mbere kw’iterabwoba n’ibindi bikorwa vy’ubugizi bwa nabi mu gihugu ca Iraki vyahitanye abasivile 6,878, abandi 12,388 barakomereka mu mwaka urangiye w’i 2016.

Yamara ibitigiri vy’abapfuye bishobora mu vy’ukuri kuba biri hejuru cane kubera bitarimwo abasivile bishwe canke bakomeretse mu ntara ya Anbar, mu buraruko bwa Iraki mu kwezi kwa gatanu, kw’indwi, kw’umunani n’ukwezi kw’icumi na kabiri.

Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ritangaza kw’ibitigiri vy’abasivile bishwe mu kwezi kw’icumi na kabiri biri hasi cane umuntu abigereranije n’amezi y’imbere yaho. Ivyo naho ibitero vy’amabombe vy’abagira iterabwoba bigirwa ku basivile vyiyongeye mu mpera z’ukwezi kw’icumsi na kabiri mu mwaka urangiye w’i 2016.

Ibiro vy’ishirahamwe O-N-U muri Iraki bitangaza kw’abasivile ibihumbi indwi n’amajana atanu na cumi na babiri bishwe muri Iraki mu mwaka w’i 2015.

XS
SM
MD
LG