Uko wahagera

Leta ya Gambiya Yafunze Amaradiyo Yigenga


Abategetsi mu gihugu ca Gambiya bugaye radiyo yigenga mu gihe umwuka mubi mu vya politike utera wiyongera. Ivyo mu gihe prezida Yaya Jammeh, abandanya guhakana ko yatsinzwe mu matora ahurutse kuba muri Gambiya.

Radiyo Teranga FM, ihindura amakuru yo mu binauamakuru vyo muri Gambiya mu ndimi zivurwa mu gihugu, yatagatswe n’abajejwe umutekano w’igihugu kwugara ku musi w’Imana, ku mpamvu zitamenyeshejwe ku buryo butomoye.

Teranga FM yarugawe incuro zine mu myaka ya vuba. Umuyobozi mukuru wayo yagirijwe ko yarondeye guhungabanya inzego z’igihugu mu mwaka w’i 2015. Ari mu munyororo kuva ico gihe. Iyindi radiyo iri hafi y’umurwa mukuru, Hilltop Radio, nayo nyene ivurwa ko yugawe uno musi ku wa mbere.

Ibihugu bigize ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi ry’igihugu vyo mu burengero bwa Afurika, CEDEAO, ryagabishije gukoresha inguvu kugira rikure Yaya Jammeh, ku butegetsi, niyo atava ku butegetsi muri uku kwezi kwa mbere nkuko bitegekanijwe, inyuma yuko atsinzwe mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi guheze.

XS
SM
MD
LG