Uko wahagera

Amahoro Yashoboka Ate muri Sudani y'Epfo?


Reta y’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko, yatangaje ko ishaka kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu, inyuma y’imyaka itatu y’ingwano. Reta ifatira ku mwizero ku biganiro bihuza Abanyasudani yo mu bumanuko biherutse gutanguzwa.

Sudani yo mu bumanuko yarangije umwaka w’i 2016 hari ugutana mu mitwe hagati y’inteko za Reta n’abayirwanya bashigikiye Riek Machar. Mu gihe abategetsi bariko bagerageza gushiraho umurwi w’abazoyobora ibiganiro ku rwego rw’igihugu, umwuka mubi urabandanya mu bice vyo hagati mu gihugu.

Umutegetsi akomeye atavuga rumwe na Reta wo mu muhari, SPLM-IO, Peter Adwork Nyaba avuga ko kazoza k’igihugu kazofatira ku vyerekeye gushira mu bikorwa amasezerano y’amahoro Perezida Salva Kiir na Riek Machar bateyeko igikumu mu kwezi kw’umunani, umwaka w’i 2015. Amenyesha kw’amasezerano y’amahoro kari akaryo k’ukugarukana umutekano mu gihugu.

Yamara yagiriza Perezida Kiir ko yageramiye amasezerano y’amahoro mu gutera n’ugutuza umutegetsi mukuru w’umuhari SPLM-IO mu gihugu.

Sudani yo mu bumanuko yagiye mu kajagari mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2013, inyuma yuko Perezida Kiir yagirije uwahoze ari icegera ciwe, Riek Machar ko yagerageje gutembagaza reta yiwe

XS
SM
MD
LG