Uko wahagera

Perezida wa Koreya y'Epfo Ahakana Ivyo Yagirizwa


Perezida Park Geun-Hye wa Koreya y'Epfo, mu kiganiro n'abamanyeshamakuru

Perezida Park Geun-Hye wa Koreya y'Epfo yatanze ikiganiro kur’uyu w’Imana, ku bamenyeshamakuru, aho yariko ariregura ku bijanye n’ivyagirizo vy’amafaranga yegeranije afatikanije n’umwe mu bagenzi biwe, Choi Soon-Sil.

Bubaye ubwa mbere Perezida Park aseruka imbere y’abamenyeshamakuru kuva itariki y’icenda, mu kwezi guheze kwa cumi na kabiri. Ico ni igihe inama Nshingamateka imuhagaritse mu mabanga yiwe y’Umukuru w’Igihugu. Perezida Park yabwiye abamenyeshamakuru ko ivyo bamwagiriza ar’ibinyoma, atakimwagira na kimwe. Yatangaje kandi ko ibirego vyiwe biri imbere y’ubutungane, yemeza ko ata muntu numwe yasavye amafaranga, canke ngo agire ico asezeraniye umuntu numwe.

Perezida Park yarisiguye akatari gake, akavuga ko ivyo yabikoze ku bwinyungu z’Igihugu. Sentare ijejwe ibwirizwa shingiro iriko iriga ivyagirizo biregwa Madame Park. Ico gikorwa kigashobora kuzomara amezi atandatu. Ari hamwe Prezida Park akubiswe intahe mu gahanga, hategekanijwe kuca hatunganywa amatora y’umukuru w’igihugu mushasha mu kiringo c’amezi abiri, inyuma y’iyo ngingo izoba yasohotse.

XS
SM
MD
LG