Uko wahagera

Abiyahuzi Bishe Abashika 25 i Baghdad


Abategetsi ba Iraki batangaza ko bombe zibiri zaturikiye hagati m’umurwa mukuru Baghdad kur’uyu wa gatandatu zihitana abantu bashika 25.

Batangaza kandi ko abashika 50 bakomeretse kandi ko igitigiri c’abapfuye gishobora kwiyongera.

Imwe mur’izo bombe yatezwe n’umwiyahuzi. Iyindi yaturikijwe gato inyuma y’iya mbere.

Itororokanirizo ry’amakuru “The Associated Press” ry’abanyamerika ryatangaje ko umuhari wa reta ya Kiyisilamu wiyemereye ko ariwo wagavye ico gitero.

Umutekano watanguye gucungerwa bikomeye I Baghdad kuva m’ukwezi kwa cumi igihe abasirikare ba reta batangura ibitero vyo gusubira kwigarurira igisagara ca Mosul.

XS
SM
MD
LG