Uko wahagera

Buramatari wa Istanbul: Abashika 35 Biciwe munzu y'Ubutambiro


Buramatari w’igisagara ca Istanbul muri Turukiya, Vasip Sahin atangaza ko abantu 35 bishwe mu gitero cabereye munzu y’ubutambiro mu bucagucagu bwo kur’uyu w’Imana, bariko bahimbaza umwaka mushasha.

Yavuze ko abarenga cumi bakomeretse kandi ko ar’igitero c’iterabwoba kandi avuga ko umupolisi umwe ari mubapfuye.

Amakuru atangazwa avuga ko mubakomeretse harimwo abava mubihugu bitandukanye.

Televiziyo yigenga NTV yatangaje ko umuntu yitwaje inkoho yoba yinjiye mur’ubwo butambiro yiyambitse nka Pere Noel canke Santa Claus.

Igipolisi gitangaza ko abantu barenga 600 bari mur’iyo nzu y’ubutambiro igihe ico gitero caba.

Ico gitero kibaye mugihe ingingo zo gucungera umutakano zikomeye zari zafashwe mubisagara bikomeye vya Turukiya, inyuma y’aho habereye ibitero vy’iterabwoba mu mezi aheze.

N’inyuma kandi y’aho bombe zibiri ziturikiye hafi y'ikibuga c’umupira w’amaguru I Istanbul uku kwezi kurangiye zihitana abantu 38 zikomeretsa 150.

XS
SM
MD
LG