Uko wahagera

Kameruni: Ibirwanisho Bitari Bike Vyatswe Abagizi ba Nabi


Kameruni gitangaza ko cafashe ibirwanisho vy’imihari y’abarwanyi iri muri Republika ya Centrafrika yama yiba ikagaba ibitero mu buraruko bwa Kameruni.

Buramatari Kildadi Taguieke Boukar w’intara ya Adamawa muri Kameruni yatangaje ko mur’ico gitero abarwanyi batari bake bishwe abandi barafatwa mugihe abandi bashoboye guhunga.

Boukar atangaza ko iyo mirwi yitwaje ibirwanisho yar’imaze amezi atatu iva muri centrafrika ija kugaba ibitero muri kameruni.

Avuga ko basahura ibitungwa, bakagira imbohe abarimyi kugira babahe ibifungurwa kandi ko bahungira muri kameruni iyo bariko barahigwa n’inteko za ONU ziri muri centrafrika.

Ariko ntatomora ko ar’abarwanyi b’umuhari kanaka muyisanzwe irwanira muri Centrafrika.

XS
SM
MD
LG