Uko wahagera

Amasezerano Mashasha Kuri Siriya


Reta ya Siriya itangaza ko ishigikiye amasezerano y’amahoro yatangajwe na perezida w’Uburusiya Vladimir Putin, amasezerano atangura gushirwa mungiro isaha zitangatu z’ijoro mu masaha yo muri Siriya.

Uburusiya bwatangaje ko ayo masezerano azoraba abarwanya reta bashika ibihumbi 62 bakwiragiye mugihugu ca Siriya kandi ko Uburusiya na Turukiya aribo bazokurikirana iyubahirizwa ryayo.

Igisirikare ca Siriya catangaje ko ayo masezerano ataraba imihari y’iterabwoba ya Reta ya Kiyisilamu na al-Qaida.

Uburusiya hamwe na Turukiya bari bapfunditse amasezerano nk’ayo m’ukwezi kwa kabiri. gisanzwe gifasha imirwi itavuga rumwe na reta, batangaje ko bazubahiriza ayo masezerano.

Umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire, Sergei Lavrov yatangaje ko Reta zunze ubumwe z’amerika ihawe ikaze mur’ayo masezerano igihe Donald Trump aherutse gutsinda amatora azotangura gutwara m’ukwezi kuza italiki 20.

Umujenerari yakukurutse mugisirikare ca Siriya, Haitham Hassoun yatangaje ko ari ngombwa ko Uburusiya na Turukiya bakinga ibitero vy’iterabwoba mugukoresha ayo masezerano kugira bahunge igihugu.

Yatangaje ko abagenduzi ba Turukiya n’Uburusiya bazokenerwa kugira bacungere imbibe kugira abarwanyi b’umuhari wa reta ya Kiyisilamu ntibasubira mubihugu vyabo harimwo Misiri na Tuniziya.

XS
SM
MD
LG