Uko wahagera

ANC Irashakisha Uzasimbura Jacob Zuma


Mugihe hasigaye imyaka ibiri ngo hatunganywe amatora y’umukuru w’igihugu muri Afrika y’epfo, abakandida bashobora guhiganirwa uyo mwanya kiracari ikibazo mugihe hahitiye imisukosuko mu banyepolitike.

Perezida Jacob Zuma mur’uyu mwaka w’2016 yaragirijwe ivyaha vyo kurya ibiturire. Yararusimvye akatari gake mugihe abashingamateka bagerageje kumukurako amaboko, gushika n’ubu aracagirwako amatohoza.

Naho Zuma agifise agahengwe, abo mu mugambwe ANC aturukamwo baratanguye kwiyumvira uwuzomusubirira.

Uwukekwa muba mbere n’umukenyezi wiwe akaba n’uwahoze arongoye ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika, Nkosazana Dlamini-Zuma. Dlamini-Zuma yahagaritse kurongora ubumwe bw’Afrika m’ukwezi kwa mbere. Ashigikiwe cane n’intara nini cane ya Kwazulu Natal. Ariko urundi ruhande muri ANC rwipfuza ko Cyril Ramaphosa icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ariwe yokwitoza.

Umugambwe ANC niwo wiharije urubuga rwa politike muri Afrika y’epfo kuva m’umwaka w’1994 inyuma y’aho harangiye intwaro karyanishamiryango ya apartheid.

Uwugiye guserukira uyo mugambwe niwe ahabwa amahirwe gutahukana intsinzi mu matora yo muri 2019, ariko abakurikiranira hafi ivya politike mur’ico gihugu bavuga ko azotsinda atorohewe

XS
SM
MD
LG