Uko wahagera

Prezida Obama Agomba Kugenda Ahanye Uburusiya


Prezida Vladimir Putin (i bubamfu), na Prezida Barack Obama wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika (i buryo)
Prezida Vladimir Putin (i bubamfu), na Prezida Barack Obama wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika (i buryo)

Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika bimenyesha ko vyiteguye guhana Igihugu c’Uburusiya bivuye k’uruhara Uburusiya bwagize mu matora y’Umukuru w’Igihugu aheruka mu kwezi guheze kwa cumi na rimwe.

Ikinyamakuru Washington Post catangaje ko Ibiro vya Prezida Obama biriko biriga uburyo ivyo bihano vyosohoka vyihuta, bikoresheje itegeko ryateweko igikumu na Prezida Obama mu mwaka uheze. Iryo tegeko rikaba riha uburenganzira Umukuru w’Igihugu bwo gutanga ibihano vy’ubutunzi kw’ishirahamwe rikoresheje ubusuma biciye mu buhinga bwanone, mugihe iryo shirahamwe riba rikorera hanze y’Igihugu.

Ikinyamakuru The Washington Post kimenyesha ko iryo tegeko ridafata ishirahamwe rikoze ubunyonyezi ku bijanye n’amatora, yamara ko Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu biriko biriga uburyo rihana Uburusiya mu kuvuga ko amatora ari kimwe mu bikoresho Reta ikoresha. Ibiro vya Prezida Obama bikaba vyipfuza ko iryo tegeko rishigwa mu ngiro imbere yuko Prezida Obama ashikiriza ubutegetsi.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu w’Uburusiya yateye ivyatsi iyo nteguro y’ibihano, akavuga ko ubwo busuma buvugwa ari ibinyoma.

Ni mugihe atawuzi nimba iryo tegeko rizoheza rigashirwa mu ngiro n’Ubutegetsi bushasha bwa Donald Trump agiye kuzosubirira Prezida Barack Obama

XS
SM
MD
LG