Uko wahagera

Kenya: Integuro y'Itegeko Ritunganya Gushasha Amatora


Prezida Uhuru Kenyatta, i bubamfu
Prezida Uhuru Kenyatta, i bubamfu

Muri kenya, Inama Nkenguzamateka iriko iriga kw’itegeko rijanye n’ubuhinga bushasha umugwi ujejwe gutunganya amatora utegekanya gukoresha. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi baramirira kure iyo ntenguro y’itegeko. Bavuga ko ubwo buhinga bujanye no gukoresha ivyuma biometrique buzotuma haba ubusuma bwinshi mu gihe c’amatora.

Inama Nkenguzamateka ntiyashoboye gutora iryo tegeko kur’uyu wa gatatu nkuko vyari bitegekanijwe. Ekwe Ethuro, arongoye Inama Nkenguzamateka akaba yashimye kurungika iyo nteguro y’itegeko mu mugwi ujejwe kwiga ibibazo vy’ubutungane n’agateka ka zina muntu.

Iyo nteguro iha uburengenzira Umugwi CENI gukoresha intonde z’abatora ziri ku mpapuro, mu gihe ubuhinga biometrike buhuye n’ikibazo. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bamenyesha ko ivyo bizotuma bakora imyiyerekano, bakongera bakadurumbanya amatora ategekanijwe kuba mu mwaka uza w’Ibihumbi bibiri na cumi n'indwi.

Tubibutse ko intureka zakurikiye amatora y’Umukuru w’Igihugu muri Kenya, mu mwaka w’2007 n’2008 zahitanye abanyagihugu bashika ku gihumbi n'amajana atatu, n’abashika ku bihumbi amajana atatu bataye izabo. Umukenguzamateka Kithure Kindiki, arongoye umugambwe urimwo abakenguzamateka benshi amenyesha ko abiga iryo tegeko bakwiye kuryitondera cane.

XS
SM
MD
LG