Uko wahagera

Koreya Ikomeje Umugambi Werekeye Ibirwanisho Ruhonyanganda


Kim Jong Un, uyobora Koreya ya ruguru
Kim Jong Un, uyobora Koreya ya ruguru

Thae Yong-ho, umutegetsi akomeye wa Koreya ya ruguru, aherutse guhungira muri Koreya y’epfo avuga ko umwaka utaha kizoba ari igihe ciza cane kuri Koreya ya ruguru c’ugukomeza umugambi waco werekeye ibirwanisho ruhonyanganda.

Ivyo kubera ubuyobozi bwimirije guhinduka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Koreya y’epfo.

Atangaza ko kubera Koreya y’epfo yimirije kugirisha amatora y’umukuru w’igihugu, Amerika nayo igiye kuronka umuprezida mushasha, Koreya ya ruguru ibona umwaka w’i 2017 nk’igihe ciza c’ugukora ibirwanisho ruhonyanganda.

Thae yari umutegetsi akomeye agira kabiri yaserukira igihugu ciwe mu Bwongereza, yahungiye muri Koreya y’epfo mu kwezi kw’umunani.

N’umutegetsi akomeye cane wa Koreya ya ruguru ahunze igihugu ciwe mu kiringo kigera ku myaka 22.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru bo muri Koreya y’epfo, ku musi wa kabiri, Thae Young-ho, yatangaje ku buryo bugaragara ko atazi neza uko umugambi w’ibirwanisho ruhonyanganda wa Koreya ya ruguru wifashe. Yamara yamenyesheje kw’Ubushinwa butofatira ingingo ico gihugu kubera umugambi waco w’ibirwanisho ruhonyanganda kubera gisambutse vyogira ingaruka mbi.

Thae avuga kw’ata migambi umutegetsi mukuru wa Koreya ya ruguru, Kim Jung Un, afise y’uguheba ibirwanisho ruhonyanganda igihugu ciwe gifise naho yoronswa igitigiri kinini c’amafranga.

Amenyesha ko Koreya ya ruguru ifise imigambi y’ukuba ifise ibirwanisho ruhonyanganda mu mpera z’umwaka uza.

XS
SM
MD
LG