Uko wahagera

Shinzo w'ubuyapani Yahojeje Abanyamerika


Perezida Obama n'Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani ku cibutso c'Abanyamerika bahitanywe n'ingwano ya kabiri y'isi yose, mu gisagara ca Pear Harbor, m'Ubuyapani

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe, yashikirije ubutumwa bwo guhoza imiryango y’abanyamerika ishika ku bihumbi bibiri n'amajana ane yabuze ababo mu ndwano y’isi yose ya kabiri, mu gisagara ca Pearl Harbor, haraheze imyaka 75.

Ivyo Abe yabishikirije kur’uyu wa kabiri, ari kumwe na Perezida Barack Obama wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu birori vyo gushira ingori z’amashurwe ku cibutso c’abo bahitanywe n’iyo ntambara.

Perezida Obama mw’ijambo yashikirije, yagarutse ku migenderanire iri hagati ya Amerika n’Ubuyapani, avuga ko ifise uruhara rukomeye ku bijanye n’amahoro mu karere ka Aziya Pasifike, n’iterambere kw’isi.

Perezida Obama yatangaje ko kuba Shinzo Abe ari mur’ico kibanza ar’ikimenyetso c’ibishoboka hagati y’amakungu, hamwe n’abantu baturuka mu mice itandukanye, kandi ko intambara zishobora guhera abar’abansi bagacika abakunzi.

Mwomenya ko Shinzo Abe ar’Umushikiranganji wa mbere agendeye ico kibanza ca Pearl Harbor ari kumwe n’Umukuru w’Igihugu wa Amerika. Ni mu gihe Prezida Obama nawe yari yagendeye, mu kwezi kwa gatanu, igisagara ca Hiroshima, m’Ubuyapani, ahaguye abantu bashika ku bihumbi ijana na mirongo ine, bishwe n’ibombe atomike yatewe n’abasirikare ba Amerika mu mwaka w'1945.

XS
SM
MD
LG