Abashingamateka n’abakenguzamateka 281 baheruka gutorwa muri Somaliya barahiye kur’uyu wa kabiri k’umurwa mukuru Mogadishu.
Umuhinga yigenga mur’ako karere, Abdiwahab Sheikh Abdisamad yatangaje ko iyi nama nshingamateka nshasha ifise ico irushije iyahahora.
Atangaza kandi ko 45 kw’ijana mur’abo bashingamateka bahora muyahahora mugihe 55 kw’ijana ari bashasa kandi bafise ubumenyi muvy’amashure kandi bagizwe n’abakenyezi batari bake.
Abakurikiranye itorwa ryabo bavuga ko ayo matora yabayemwo utunenge tutari duke ahavugwa ko bamwe mur’abo bashingamateka batanga amadolari y’abanyamerika ava ku bihumbi bitanu gushika kuri 30 kugira batorwe. Ayo matora kandi yaranzwemwo ubwicanyi n’iterabwoba.
Inama nshingamateka ifadikanije n’inama nkenguzamateka yar’itegekanijwe gutora umukuru w’igihugu kur’uyu wa gatatu ariko umugwi utunganya amatora wabwiye Ijwi ry’Amerika ko iryo torwa ryungurujwe kuwa 24 z’ukwezi kwa mbere kuza.