Uko wahagera

Abantu 100 Barapfuye muri Mediterane


Ubwato bubiri bwaribiye mw’ibahari Mediterane buhitana abashika 100 mu ndwi iheze.

Gushik’ubu igitigiri gishasha c’abantu bamaze guhitanwa n’izo mpanuka barenga ibihumbi bitanu (5000).

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita kumpunzi n’abimukira OIM hamwe na HCR batangaje ko ubwo bwato bubiri bwibiye butari butegekanijwe gutwara abantu benshi kandi ko bwari bupakiye birengeje.

OIM itangaza ko abasirikare b’Ubutaliyano bakizura inkengera z’ibahari bashoboye kurokora abantu 143 kubashika 260 bari mur’ubwo bwato.

Batangaza ko abo bantu bakekwa kuba bari bandurutse bava mugice co muri Afurika y’Uburaruko.

N’aho hagaragara imbeho nyinshi k’umugabane wa Burayi n’ibihe bitameze neza, ayo mashirahamwe abiri atangaza ko abantu bashika ibihumbi 360 nibo bavugwa ko bajabutse ibahari mediterane mur’uyu mwaka tugiye kurangiza.

Ni mugihe m’umwaka w’2015, abarenga umuliyoni bafashe izo ngendo, aho abapfuye bari munsi y’ibihumbi bine.

XS
SM
MD
LG