Uko wahagera

Turukiya: Abagirizwa Gushaka Gutembagaza Ubutegetsi Muri Sentare


Turukiya yamye yagiriza umunyedini, Fethullah Gulen aba muri Reta zunze ubumwe z’Amerika kuba ariwe ari hejuru y’abagomvye gutembagaza ubutegetsi
Turukiya yamye yagiriza umunyedini, Fethullah Gulen aba muri Reta zunze ubumwe z’Amerika kuba ariwe ari hejuru y’abagomvye gutembagaza ubutegetsi

Igihugu ca Turukiya catanguye gucira imanza abapolisi 29 baregwa kuba barafashije mugushaka gutembagaza ubutegetsi m’ukwezi kwa ndwi kw’uyu mwaka w’2016.

Ubutungane bubagiriza kuba barafashije mur’ico gikorwa mukudakora umurimo wabo wo gukingira ikirimba ca Perezida Recep Tayyip Erdogan wa Turukiya.

21 muri bo bazohanishwa gufungwa ubuzima bwabo bwose mugihe bokwagirwa, abandi bashobora gufungwa imyaka irenga 15 bagirizwa kwiyunga n’imirwi y’iterabwoba.

Turukiya camye cagiriza umunyedini, Fethullah Gulen aba muri Reta zunze ubumwe z’Amerika kuba ariwe ari hejuru y’abagomvye gutembagaza ubutegetsi, ariko yagumye ahakana ko ataruhara yabigizemwo.

Turukiya kandi kimwagiriza kuba ariwe ar’inyuma y’iyicwa ry’uwaserukira Uburusiya muri Turukiya yiciwe k’umurwa mukuru Ankara mur’uku kwezi kwa cumi na kabiri.

Mwomenya ko abantu bashika 270 basize ubuzima mur’uko gushaka gutembagaza ubutegetsi

XS
SM
MD
LG