Uko wahagera

Icuma cy'Indege y'Uburusiya Kibika Amajwi Catowe


Abategetsi b’Uburusiya batangaza ko kuba iyo ndege yakorowe n’abakora iterabwoba bishoboka ariko ko batoshoka bavyemeza
Abategetsi b’Uburusiya batangaza ko kuba iyo ndege yakorowe n’abakora iterabwoba bishoboka ariko ko batoshoka bavyemeza

Umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe kwivuna abansi yatangaje ko hatowe icuma kibika amajwi mu ndege iheruka kugira isanganya mu mpera z’indwi irangiye mu ibahari yirabura (Mer Noir).

Amatororokanirizo y’amakuru y’Uburusiya yatangaje ko ico cuma gishobora kuba cararungitswe I Moscou, kugira batohoze icatumye iyo ndege ikoroka.

Abategetsi b’Uburusiya batangaza ko kuba iyo ndege yakorowe n’abakora iterabwoba bishoboka ariko ko batoshoka bavyemeza.

Abantu 92 bose bari mur’iyo ndege barapfuye. Umushikiranganji wo kwivuna abansi Sergey Shoygu yatangaje kur’uyu wa kabiri ko ibiziga 12 bimaze gutorwa co kimwe n’ibindi bihimba vy’imibiri bitari bike.

Mubapfuye harimwo abaririmvyi b’abasirikare b’Uburusiya 68 bari bagiye kuririmbira abasirikare bagenzi babo bari ku kirindiro c’ahitwa Lakatia muri Siriya.

XS
SM
MD
LG