Uko wahagera

Al-Jazeera Isaba Misiri Kurekura Umumenyeshamakuru Wayo


Ikinyamakungu Al-Jazeera

Ikinyamakuru Al-Jazeera cagiriza Igihugu ca Misiri ko cihingiye ibirego kur’umwe muba menyeshamakuru baco apfungiwe aho mu Misiri. Ni mw’itangazo Al-Jazeera yasohoye kur’uyu wa mbere, aho yatangaje ko bahakana ivyagira umumenyeshamakuru Mahmoud Hussain, kandi ko ataho bifatiye.

Mmwomenya ko Misiri yagiriza Hussain ko yadurumbanije umutekano akongera agatanga amakuru atariyo. Abategetsi ba Misiri batangaza ko Hussain azopfungwa mu kiringo c’iminsi cum n'itanu mu kurindira ko hakorwa amatohoza.

Ikinyamakuru Al-Jazeera, gisanzwe kidakorera muri Misiri, gisaba ko uwo mumenyeshamakuru arekurwa bwa vuba, kikavuga ko yafashwe ari m’uburuhuko bwo kuramutsa umuryango. Ico kinyamakuru kimenyesha kandi ko kizofata ingingo zose zijanye n’ubutungane kugira Misiri yishure kur’iryo hohoterwa.

Ifatw ry’umumenyeshamakuru Mahmoud Hussain, akorera Al-Jazeera ryateye amakenga ku bijanye n’ubwigenge bw’abamenyeshamakuru basanzwe bakorera muri Misiri, aho ico gihugu cashizwe mu bihugu bibangamiye abamenyeshamakuru mu mwaka w’Ibihumbi bibiri na cumi na gatatu.

XS
SM
MD
LG