Uko wahagera

Impanuka y'Indege y'Uburusiya Yahitanye Abarenga 90


Abategetsi b’igihugu c’Uburusiya bavuzeko iterabwoba bitari mu vyoba vyateye isanganya y’indege yabo itwara abasirikare. Iryo sanganya ryahitanye abantu 92.

Mugitondo c’uno musi wa mbere, umushikiranganji ajejwe iyunguruzwa ry’abantu n’ibintu Maxim Sokolov, yavuze ko isanganya y’indege yabaye ejo ku musi wa mungu ritegerezwa kuba ryatewe n’ikosa ry’umudereva canke ivyuma bitakoze neza.

Iyo ndege yakorokeye mwibahari "Mer noire" inyuma y’iminota ibiri ivuye kukibuga c’indege c’i Sochi muburusiya. Harakekwa ko abayirimwo bose bagizwe n’abakozi bayo 8 n’ingezi 84 bose bitavye umuremyi.

Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo, Perezida Vlademir Putin yatangaje umusi w’ikigandaro mugihugu cose. Yasavye kandi ko hokogwa ibishobotse vyose kugira bamenye icatumye iyo ndege ikoroka.

XS
SM
MD
LG