Uko wahagera

Benjamin Netanyahu Ashuvuriye Amerika


John Kerry, Umushikiranganji wa Departema ya Amerika (m'ububamfu), na Benjamin Netanyahu, Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli (m'uburyo)
John Kerry, Umushikiranganji wa Departema ya Amerika (m'ububamfu), na Benjamin Netanyahu, Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli (m'uburyo)

Benjamin Netanyahu, Umushikiranganji wa mbere wa Israyeli, yatumyeko uwuserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Israyeli, Daniel Shapiro, kur’uyu w’Imana, ashavujwe n’uburyo Amerika yahisemwo kuterekana aho ihagaze mu nama ya ONU ku bijanye n’ibibazo vya Israyeli na Palestine.

Departema ya Amerika co kimwe n’Ubushikiranganji burongowe na Netanyahu bikaba bitashimye kugira ico bishikirje ku bijanye n’uwo mubonano. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Israyeli yaratumyeko inama, kur’uyu wa gatanu, y’ibihugu bishika kuri cumi na bine vyatoye ingingo yo kwiyamiriza ibikorwa vya Israyeli k’ubutaka yigaruriye bwa Palestine, yamara ivyegeranyo bivuga ko abenshi mur’ibo batitabiye iyo nama.

Netanyahu yatangaje, kur’uyu w’Imana, ko ingingo ya ONU idahumuriza kandi ko ar’iyisambura. Avuga ko kubona Amerika iterekanye aho ihaze bitey’isoni. Ingingo yafashwe na ONU kur’uyu wa gatanu ihamagarira Israyeli guhagarika bwa vuba ibikorwa ikorera k’ubutaka bwa Palestine, harimwo n’ubuseruko bwa Yerusalemu.

Benjamin Netanyahu amenyesha ko yavuganye n’abo bavyumva kumwe baturuka m’umugambwe w’aba Demokrate n’aba Republikani muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kandi ko arindiranye igishika gukorana n’intwaro nshasha ya Donald Trump yatowe ngw’arongore Amerika.

XS
SM
MD
LG