Uko wahagera

Isirayeli: Netanyahu Yafatiye Ingingo ONU


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu yasavye reta yiwe guhagarika amafaranga yahora ifashisha ibisata bitanu vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

N’inyuma y’aho kuwa gatanu, inama ya ONU ijejwe umutekano yemeje ko Isirayeli itegerezwa guhagarika ibikorwa vyo kwigarurira intara za cisjordaniya hamwe n’uburaruko bwa Yerusalemu.

Netanyahu yatangaje kuwa gatandatu ko iyi ngingo afashe ihagarika imiliyoni 8 z’amadolari yafashisha ibisata vya ONU. Ntiyashimye kubidondagura kandi avuga ko n’izindi ngingo zirengeye izo zizofatwa.

Netanyahu kandi yaneguye inyifato y’Amerika itagize ico ivuze igihe ico cemezo ca ONU cafatwa kandi amenyesha ko reta yiwe atavyo izubahiriza.

Yaciye ahamagara abaserukira Isirayeli muri Nouvelle Zelande na Senegal—ivyo n’ibihugu bibiri kuri bine vyateguye ico cemezo. Yanahagaritse porogarame z’imfashanyo Isirayeli yaha igihugu ca Senegal.

Netanyahu yatangaje kandi ko reta yiwe irindiranye igishika gukorana na Donald Trump aheruka gutorwa ngo arongore Amerika kugira bahagarike ico cemezo.

Nawe Trump yaremeye ko agiye kuzohindura uruhara rw'Amerika muri ONU niyatangura amabanga kw’italiki ya 20 z’ukwezi kwa mbere.

XS
SM
MD
LG