Uko wahagera

Vatikano: Papa Fransisiko Aratabariza Abana


Papa Francis munkuka y'imisa i Vatikano, italiki ya 24, ukwezi kwa 12, 2016.
Papa Francis munkuka y'imisa i Vatikano, italiki ya 24, ukwezi kwa 12, 2016.

Papa Fransisiko, umwungere wa Ekleziya Katolika yasavye abakristo guhimbaza Noweli biyumvira ku bana bafatiwe mu ntambara zibera mubice bitandukanye vy’isi hamwe n’abatagira ico bafungura.

Mw’ijambo yashikirije kur’uyu wa gatandatu ar’I Vatikano, Papa Francis yasavye abar’aho kwiyumvira ku bana badahabwa uburenganzira bwo kuba mu mahoro, ariko bama bariko bahunga amabombe, abandi bagapfira mu mato bariko barondera ubuhungiro.

Yasavye abakristu kudatwarwa n’ivy’isi bihenda amaso no kudakoresha ivuka rya Yesu nk’urudandazwa.

Kur’uyu w’Imana, Francis niho asoma imisa yiwe ya kane kubakristo isinzi bazoba bakoraniye ku kibanza ca St. Peter's Square kiri mu gisagara c’I Roma.

XS
SM
MD
LG